Sweden yarengukishije Greta Thunberg ku caha co kuzibira ikivuko ...
Ahavuye isanamu, AFP
Greta Thunberg yagirizwa "kugambararira igipolisi" muri iyo myiyerekano yo mu kwa gatandatu
6 Ukw'indwi 2023
Wa mukobwa rurangiranwa mu guharanira ibidukikije Greta Thunberg agiye kurengutswa imbere y’ubutungane muri kuno kw’indwi ku caha co "kugambararira igipolisi" mu gihe hari imyiyerekano, nk’uko bivugwa n’abashikirizamanza bo mu gihugu ciwe ca Suède.
Umwigeme Thunberg w’imyaka 20 yifatanije n’umurwi w’urwaruka rwari mu myiyerekano bazibira amakamyo atwara igitoro ku kivuko c’ahitwa Malmö hari mu kwa gatandatu. Igipolisi kimwagiriza ko camusavye kuhava akanka.
Ashobora guhanishwa umunyororo w’amezi atandatu canke ihadabu.
Umuserukizi yabwiye BBC ko uno mukobwa Thunberg atariho yari ari kugira agire ico ashikirije.
Uno murwi uzwi nka Ta Tillbaka Framtiden canke Reclaim the Future (twogereranya na Isubize Kazoza) warazibiye iki kivuko ca Malmö mu kiringo c’imisi itandatu yose mu kwa gatandatu. Uno murwi uvuga ko bamwe mu bari mu myiyerekano banuriye hejuru ku matanki y’igitoro.
Igihe yifatanya n’abari muri iyo myiyerekano, Thunberg yanditse kuri Instagram ati: "Ihindagurika ry’ikirere ryabaye ikibazo c’ugupfa n’ugukira ku bantu indiri n’indiri”.
Yongerako ati: "Twahisemwo kutaba indorerezi gusa, duhitamwo ahubwo kurwanya ibikorwa remezo bijanye no gucukura ibitoro biva mu kuzimu”.
Ibiro vy’umushikirizamanza mukuru wa Suède bivuga biti: "Umushikirizamanza yashikirije ibirego kuri uno mwigeme yagize uruhara mu myiyerekano ijanye n’ihindagurika ry’ikirere yo ku wa 19 Ruheshi (6) yateje uruhagaragara ku ruja n’uruza i Malmö , nk’uko bivugwa n’ubushikirizamanza.
"Uno mugore yaranse kwumvira itegeko ry’igipolisi ryamusaba kuva muri ico kibanza”.
Ubushikirizamanza bwabwiye BBC ko uno mwigeme Thunberg azorenguka muri sentare ku wa 24 Mukakaro (7), ari kumwe n’abandi batatu bari muri iyo myiyerekano.
Irma Kjellström w’imyaka 20 na we nyene azorenguka muri sentare muri Mukakaro.
Yabwiye BBC ko igipolisi camusavye kuva kuri ico kivuko akanka. Avuga ko yakuweho n’abapolisi.
Ati: "Twazibiye ico kivuko kugira ngo duhagarike ikoreshwa ry’ibitoro biva mu kuzimu biriko birahitana inzirakarengane.
"Ivyaha nyavyo birabandanya hagati muri ico kivuko. Ntituriko turicara ngo turindire mu gihe inganda z’ibitoro vyo mu kuzimu ziriko ziratwicira indoto”.
Abajijwe nimba afise impungenge ku ngaruka z’urubanza, yishura ati: “Jewe ubwanje mfise ubwoba ku ngaruka mbi inganda z’ibitoro vyo mu kuzimu ziriko ziratera kw’isi.
"Si ndiko ndahagarika mu gihe zibangamiye isi”.
Ivyuka bibi vyarakwiragijwe mu kirere n’ibikorwa bimwe bimwe nko guturira ibitoro, ivyatumye ubushuye mu kirere c’isi bwongerekana.
Ubushuhe kw’isi bwariyongereye kuri degré 1.1C kuva habaye impinduka mw’iterambere ry’inganda (révolution industrielle) haraciye imyaka yababa 200.
Abaharanira ibidukikije kw’isi bariziziye igisata c’ibitoro biva mu kuzimu, harimwo ishirahamwe ryo mu Bwongereza Just Stop Oil (twogereranya na Hagarika Igitoro Ntakindi) rimaze igihe rihungabanya amahwaniro akomeye yo kwinonora imitsi muri iri ci.
Nyinshi mu nganda zicukura igitoro na gaze zivuga ko ari ngombwa kubandanya zivyimbura kugira ngo zitunganirize abakeneye amasoko ntanganguvu kw’isi.
Kugabanya iyimburwa ry’igitoro na gaze vyoba ari “akaga kandi ukutagira umutima”, nk’uko umukuru w’ikompanyi Shell icuruza igitoro yabibwiye BBC.
Ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amasoko ntanganguvu (International Energy Agency) rivuga ko ata mitahe yosubira gushirwa mu gitoro, gaze n’ibizuku mu gihe amareta yofata nka nkama ikibazo c’ihindagurika ry’ikirere.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahmwe ONU António Guterres aherutse kuvuga ko gushira imitahe mishasha mu kwimbura igitoro na gaze ari “ubusazi bushingiye ku butunzi n’inyifato ibereye”.
Muri ino ndwi, isi yariboneye umusi wagize ubushuhe bwinshi cane butari bwigere bubaho ku wa kabiri, aho bwashitse kuri 17C ku ncuro ya mbere.