Mike Pence yahoze ari icegera c'umukuru w'igihugu yinjiye mu ...

6 Jun 2023

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Mike Pence (i buryo) yari pfa mpfe na Trump mu myaka bamaze muri Maison Blanche 2017-2021

Mike Pence - Figure 1
Photo BBC News
Umwanditsi, Na Sam CabralIgikorwa, BBC News, Washington

Haciye amasaha 2

Uwahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Mike Pence yinjiye mu gitigiri c’Abarepubulikani bagomba kurwanira ikibanza c’umukuru w’igihugu.

Pence w’imyaka 63, yiteze gutanguza imyiyamamazo yiwe akoresheje videwo, ijambo, n’ikiganiro n’abanyagihugu mu matora y’ibanze mu ntara ya Iowa ejo ku wa gatatu.

Iyi ngingo ije kumuhanganisha n’uwari sebuja wiwe Donald Trump mu gihe c’imyaka ine ari muri Maison Blanche/White House kuva 2017-21.

Ibiharuro vyerekana ko Trump ahagaze neza muri uru rugamba.

Ibiharuro ngereranyo hafi vyose vyerekana ko Pence aza mu kibanza ca gatatu n’abantu bake cane bamushigikiye.

Pence, umuntu yiyita "umukirisu, umunyaporitike agendera ku mico ya kera n’Umurepubulikani, uko nyene bikurikirana”, yari pfa mpfe na Trump mu myaka ine yose bamaze bakorana.

Ariko yaje kwitandukanya nawe kuva mu migumuko yakozwe n’abanywanyi ba Trump ku ngoro y’amakoraniro y’inama nshingamateka na nkenguzamateka, Capitol, mu kwa mbere 2021.

Trump yagumye amutera igitsure amusaba ko yotesha agaciro intsinzi ya Joe Biden igihe yari arongoye ibikorwa vy’inama nshingamateka na nkenguzamateka vyo kwemeza ivyari bihejeje kuva mu matora ariko aranka, bica bituma amusibanganya ko yabuze “ubutwari”.

Bamwe mu bari muri iyo migumuko bumviswe baririmba ngo “manika Mike Pence” igihe bitera mu vyumba vy’iyi ngoro y’amakoraniro, mbere benshi mu banywanyi ba Trump bakaba bamufashe nk’igihemu.

Mu kwa gatatu, Pence yavuze ko amajambo ya Trump yo gukokeza imigumuko “yashize mu kaga umuryango wanje n’abandi bose bari muri Capitol urya musi”.

None hagiye gukurikira iki?

Mu mezi ari imbere, abaharanira guserukira umugambwe w’Abarepubulikani bagiye kuja mu myiyamamazo batangure n’impari ku mboneshakure mu mezi Amatora mu ntara imwe imwe – amatora azwi nk’ay’ibanze – atangura mu kwa kabiri kw’umwaka uza Uwuzoronka abamushigikiye benshi niwe azokwemezwa mw’Ikoraniro ry’Abarepubulikani mu ci rya 2024Biboneka ko uwuzotsinda azohangana n’umu-Democrat Joe Biden mu matora yo muri Munyonyo (11) 2024

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Pence aza mu kibanza ca gatatu inyuma ya Trump n'amajwi make cane

Pence amaze amezi atari make ategura imyiyamamazo yiwe kandi akaba yizeye gukamisha ibintu bikomeye yaranguye muri Iowa.

Abanyamadini bagendera ku mico ya kera bafise ikibanza gikomeye mu matora yo muri iyo ntara, kandi mu 2016 barafashije umukenguzamateka wa Texas Ted Cruz gutsinda Trump amurushije amajwi make cane.

Kuba Pence yaramamaye cane mu bavugabutumwa baja mu matora bifatwa ko vyafashije mu kwongerereza amajwi uwo bari kumwe mu kurondera kuja muri Maison Blanche.

Ariko rero ubu agiye guhangana n’abandi bahiganwa na we, harimwo n’umukenguzamateka wo muri Caroline du Sud Tim Scott n’uwahoze ari umuserukizi wa Amerika muri ONU Nikki Haley, kurwanira amajwi y’abavugabutumwa.

Buramatari wa Florida Ron DeSantis, afatwa ko ari we wa mbere ahanganye bikomeye na Trump, ari inyuma cane yiwe mu kibanza ca kabiri muri uru rugamba.

Uwahoze ari buramatari wa New Jersey Chris Christie hamwe na buramatari wa North Dakota Doug Burgum nabo nyene bariko barategura kwinjira muri uru rugamba muri ino ndwi.

Hari amakenga agenda yiyongera ko abarwanya Trump bashobora gucanamwo bigatuma bahebera ikibanza Trump.

Read more
Similar news
This week's most popular news